Har’ibintu bitatu (3) utegerezwa kuba ufise kugirango utangure ubworozi,

1. Ikibanza cokororeramwo

2. Ivy’ushaka korora 

3. Icuzogaburira ivyoworoye


Reka  tumanze  tuvuge  kukibanza  

nimba koko  ushaka  korora,  ikibanza  c’ubworozi  ningirakamaro. Gitegerezwa  kuba  arikibanza  caguce  kandi  gitunganijwe neza  hasi  canke  kumbaho,  hasakare  neza  kugira imvura canke  izuba  ntibishikire  ibitungwa  vyawe.  Shiraho amadirisha  kugira  akayaga  kaze  kararengana  mubitungwa, sivyiza  kuvanga  ibitungwa  bidahuje  ubwoko  nimba  woroye  ibitungwa  biadahije  ubwoko   bitandukanye, ushobora  kuba  woroye  inkoko  n’inka  vyose  icarimwe  canke  impane  n’inkoko.  Igikoko  cose  n’abantu  turimwo biryohegwa  birikumwe  n’ivyo  bisangiye  amoko.  Nivyiza  kandi  gutandukanya  ah‘ibitungwa  birara  n’aho  birira, kubera  ko  bikorohereza  gukora  isuku  kandi  naryo  rirakenewe  cane  mubworozi.  Tandukanya  ibitungwa  bivyara  n’ibitavyara  bibe  ukwavyo  nimba  woroye  ibitungwa  vyishi,  tegura  neza  ahushira  umwavu hatandukanye  nahowororera,  n’ubwo  woba  ufise  umuzamu  muhir’iwawe,  sivyiza  kurara  ahowateguriye ibitungwa  vyawe.

Reka  tuvuge  kubitungwa  ushaka  korora:  

har’ubwoko bwibitungwa  bwishi  cane  hari  inkoko,  impene,  inka,  inkwavu,  imbata,  intama,  ingurube  n’ibindi  vyishi  abantu boror.  Buri  kimwekimwe  cose  gifise  amoko  menshi,  bitewe  n’ivyushaka  korora,  nivyiza  ukaba  ufise  amakuri nyamukuru  ( y’ingezi )  ushobora  kwifashisha  kugira  ugere kure,  niwaba  ushaka  korora  kugwego  runini  birashoboka ko  utegerezwa  kub’ufise  umuganga  w’ibitungwa  vyawe. Nimba  utanguriye  k’unkoko  10  shiramwo  amasake  make cane  nturenze  nka  2  gusa  kuko  amasake  ntamwimbu  uhagije  atanga  usivye  kuyadandaza,  nimba  aringurube canke  inka  impene,  igitigiri  cavyo  akaba  ari  10,  shiramwo iyiotavyara  imwe  (1)  yonyene  yokwimya  izo  zivyara,  ivyo bizotuma  umwimbu  wawe  ugwira  mugihe  gito.  Nimba  woroye  ingurube,  haric’ukwiye  kwitondera,  irinde  kugaburira  ingurube  irengeje  umwaka  kandi  itiyongera ibiro  canke  ngo  ube  utoyimisha  kugira  iguhe  ibibuguru, ingurube  irya  ibitaribike  iyo  irengeje  umyaka,  bitewe n’ubwoko  bwazo  birashoboka  ko  idasubira  kwiyongera irengeje  umwaka  n’igice  ariko  harin’izindi  ziguma zivyibuha.  Iyo  ingurube  irengeje  umwaka  ukaba  uyigaburira  neza  ukabona  itiyongera  ibiro,  kandi  ikaba atariy’ivyara,  yidandaze  kugira  ntugume  usasagura  amahera  kuriyo.  Ikindi  kandi  ukwiye  kwitondera  kungurube,  n’ingurube  ivyaye  kabiri  ariko  itarenza  ibibuguru  3  canke  ikaba  irya  ivyoyavyaye  iyo  ushatse wayigurusha  bakayibaga  kuko  abariyo  kuguhonvya  gusa, ubundi  ingurube  imezeneza  itanga  ibibuguru  hagati  ya  5 na  12  bitewe  nubwoko  bwazo,  ingurube  kandi  imezeneza ikaba  ikwije  umwaka  n’igice  ishobora  gupima  hagati  ya  kg 85  na  200  bitegwa  n’ubwoko  bwazo.  Niwaba  ushaka korora  nkakazi  kawe,  hindagura  ubwoko  woroye  kubitungwa  ivyarivyovyose  kugeza  urose  ubwoko buvyibuha  kandi  budakarigwa  ningwara. 

Reka  tuvuge  kuvyukwiye  kugaburira  ibitungwa  vyawe:

nimb’ushaka  korora  neza  imbere  y’uko  worora  manza  umenye  ah’uzokura  ibifungugwa  vy’ivyoworoye,  ushobora gutangura  kuza  urabigura  kubadandaza  ariko  ugomba kumenya  ko  ukukomeza  kubigura  ariko  nawe  uburiko  winjira  uruhombo.  Tugera  nawe  kuza  uravyironderera utarinze  kubigura,  nimba  umaze  imyaka  2  mubworozi bw’inkoko  canke  ingurube,  canke  ibindi  bitungwa,  tangura urondere  ahokurima  ibigori,  ibijumbu  ingano,  kugirango uz’urabigaburira  ivyowirimiye.  Ndaguha  akarorero,  nimba kg1  wayigura  1,000 fb  harura  ko  wirimiye  uzosanga  kg1 igutwaye  800 fb  ayomahera  200  n’inyungu  y’iwawe  kandi nimeshi  cane  ugereranije  nibiro  wahora  ugura  nimba  wagura  kg100  kumusi  urunvako  usaguye  20,000  kumusi.