- Inyigisho
- Tahura uko ushobora gutangura ubworozi.
Har’ibintu bitatu (3) utegerezwa kuba ufise kugirango utangure ubworozi,
1. Ikibanza cokororeramwo
2. Ivy’ushaka korora
3. Icuzogaburira ivyoworoye
Reka tumanze tuvuge kukibanza
nimba koko ushaka korora, ikibanza c’ubworozi ningirakamaro. Gitegerezwa kuba arikibanza caguce kandi gitunganijwe neza hasi canke kumbaho, hasakare neza kugira imvura canke izuba ntibishikire ibitungwa vyawe. Shiraho amadirisha kugira akayaga kaze kararengana mubitungwa, sivyiza kuvanga ibitungwa bidahuje ubwoko nimba woroye ibitungwa biadahije ubwoko bitandukanye, ushobora kuba woroye inkoko n’inka vyose icarimwe canke impane n’inkoko. Igikoko cose n’abantu turimwo biryohegwa birikumwe n’ivyo bisangiye amoko. Nivyiza kandi gutandukanya ah‘ibitungwa birara n’aho birira, kubera ko bikorohereza gukora isuku kandi naryo rirakenewe cane mubworozi. Tandukanya ibitungwa bivyara n’ibitavyara bibe ukwavyo nimba woroye ibitungwa vyishi, tegura neza ahushira umwavu hatandukanye nahowororera, n’ubwo woba ufise umuzamu muhir’iwawe, sivyiza kurara ahowateguriye ibitungwa vyawe.
Reka tuvuge kubitungwa ushaka korora:
har’ubwoko bwibitungwa bwishi cane hari inkoko, impene, inka, inkwavu, imbata, intama, ingurube n’ibindi vyishi abantu boror. Buri kimwekimwe cose gifise amoko menshi, bitewe n’ivyushaka korora, nivyiza ukaba ufise amakuri nyamukuru ( y’ingezi ) ushobora kwifashisha kugira ugere kure, niwaba ushaka korora kugwego runini birashoboka ko utegerezwa kub’ufise umuganga w’ibitungwa vyawe. Nimba utanguriye k’unkoko 10 shiramwo amasake make cane nturenze nka 2 gusa kuko amasake ntamwimbu uhagije atanga usivye kuyadandaza, nimba aringurube canke inka impene, igitigiri cavyo akaba ari 10, shiramwo iyiotavyara imwe (1) yonyene yokwimya izo zivyara, ivyo bizotuma umwimbu wawe ugwira mugihe gito. Nimba woroye ingurube, haric’ukwiye kwitondera, irinde kugaburira ingurube irengeje umwaka kandi itiyongera ibiro canke ngo ube utoyimisha kugira iguhe ibibuguru, ingurube irya ibitaribike iyo irengeje umyaka, bitewe n’ubwoko bwazo birashoboka ko idasubira kwiyongera irengeje umwaka n’igice ariko harin’izindi ziguma zivyibuha. Iyo ingurube irengeje umwaka ukaba uyigaburira neza ukabona itiyongera ibiro, kandi ikaba atariy’ivyara, yidandaze kugira ntugume usasagura amahera kuriyo. Ikindi kandi ukwiye kwitondera kungurube, n’ingurube ivyaye kabiri ariko itarenza ibibuguru 3 canke ikaba irya ivyoyavyaye iyo ushatse wayigurusha bakayibaga kuko abariyo kuguhonvya gusa, ubundi ingurube imezeneza itanga ibibuguru hagati ya 5 na 12 bitewe nubwoko bwazo, ingurube kandi imezeneza ikaba ikwije umwaka n’igice ishobora gupima hagati ya kg 85 na 200 bitegwa n’ubwoko bwazo. Niwaba ushaka korora nkakazi kawe, hindagura ubwoko woroye kubitungwa ivyarivyovyose kugeza urose ubwoko buvyibuha kandi budakarigwa ningwara.
Reka tuvuge kuvyukwiye kugaburira ibitungwa vyawe:
nimb’ushaka korora neza imbere y’uko worora manza umenye ah’uzokura ibifungugwa vy’ivyoworoye, ushobora gutangura kuza urabigura kubadandaza ariko ugomba kumenya ko ukukomeza kubigura ariko nawe uburiko winjira uruhombo. Tugera nawe kuza uravyironderera utarinze kubigura, nimba umaze imyaka 2 mubworozi bw’inkoko canke ingurube, canke ibindi bitungwa, tangura urondere ahokurima ibigori, ibijumbu ingano, kugirango uz’urabigaburira ivyowirimiye. Ndaguha akarorero, nimba kg1 wayigura 1,000 fb harura ko wirimiye uzosanga kg1 igutwaye 800 fb ayomahera 200 n’inyungu y’iwawe kandi nimeshi cane ugereranije nibiro wahora ugura nimba wagura kg100 kumusi urunvako usaguye 20,000 kumusi.