Ushobora gufatanya natwe mukwitezimbere.

Ingurube, n’igitungwa ciza kigirisuku nubwo abantu bibaza ko ingurube itagir’isuku. Ingurube zirubwoko bwishi, ukwamoko yazo ari zitegerezwa kwitabwaho, isuku, ubuvuzi, kuzigaburira. Ingurube iyo yarose ivyovyose ishobora kuguha inyungu vuba. Ingurube nziza wafashe neza ishobora kuguha ibibuguru 15 kumwaka. Ingurube wafashe neza ukagaburira neza mukiringo c’umwaka ishobora gupima hagati ya Kg 80 - 110. Ingurube ipima ivyobiro ishobora kugugwa amarundi hagati ya 550,000 na 900,000

Read More  

Inkoko igizwe n’ibice (3) ( 1. Igi / irigi )… ( 2. umuswi )… ( 3. inkoko ikuze )……Amagi nayo arubwoko bubiri (2)…. Haramagi avamwimiswi, hakaba namagi yoguteka cangwa gukoramwo ibindi bitandukanye. Amagi yoguteka ntibisaba inkokokazi kubonana n’isake. Mugihe amagi avamwo imiswi, bisaba inkokokazi kubonana n’isake. Kubworozi buteyimbere, amagi ashobora kuraririzwa nivyuma, inyuma y’imisi 21 imiswi ikaba irabonetse. Wibuke, inkoko iguha inyungu kumagi, imiswi, nayubwayo.

Read More  

Ikirimwa citwa umuceri, nikirimwa gitunze benshi ahariho hose kw’isi, nigitegwa kiboneka ahugeze hose kumubumbe. Umuceri uragoye kurima twese turabizi, ariko kandi urimwa nabataribake. Umuceri n’igitegwa gisaba umutahe munini kugira wimbure umwimbu mwishi. Hamwe nizinyigisho ngaha kurururubuga, uzomenya vyishi kubijanye nikirimwa c’umuceri, ushobora kutwandikira kuri email canke terefone vyose biri kurururubuga, turimira Tanzania ikirimwa c’umuceri.

Read More  

Ibigori igitegwa kizunguruka isi mugihe gito, uwutabidya vyokeje, arabiteka uwutabiteka arabikobora akabidya bitece, uwutabigenjuko abikoramwifu akady’ubugari bwavyo, ibigori kandi bigaburigwa ibitungwa, ibigori bikogwamwo amavuta, ntahantu wokoza ukuboko ngo ntukore kukigori. Biroroshe kurima vyera ningoga kandi ntibisaba umutahe munini. Kubwivyo niyompanvu natwe tutibagiye kurima ibigori muri Tanzania. Kurururubuga uzohigira vyishi kukitegwa c’ibigori.

Read More